Habaye ibitero vya bombe i Jakarta

jakarta Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igipolisi ca indonesia kiriko kiragarukana umutekano inyuma y'ibitero vya bombe ku nzu y'ubudandaji

Urwamo rw’amabombe yaturitse rwumvikanye mu gisagara gikuru ca Indonesia, Jakarta, hanyuma hakurikira ukurasana, abantu batandatu bakaba boba bahasize ubuzima.

Igipolisi kivuga ko abateye bane bapfuye.

Urwo rwamo rwumvikanye mu bibanza vyinshi, harimwo n’iduka riri hagufi y’ibiro vy’umukuru w’igihugu n’ivya Onu.

Hari inkuru zivuga ko abapolisi baboneka ku mazu no ku mabarabara vy’ico gisagara, hagufi y’aho hari amazu y’ubudandaji.

Ako gace kazungurutswe n’abajejwe umutekano.

Prezida Joko Widodo, yasavye abanyagihugu gutekana no kwiyamiriza”ico gikorwa c’iterabwoba.”

“Turagandariye abantu bapfuye kubera iki gitero, ariko kandi turaciyamirije, cononye umutekano n’amahoro, kizana ubwoba mu banyagihugu,” uko niko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuvugizi w'igipolisi Anton Charliyan avuga ko abapfuye harimwo abapolisi n'abanyagihugu

Umuvugizi w’igipolisi, Anton Charliyan, yabwiye abamenyeshamakuru ko mu bapfuye harimwo abapolisi n’abanyagihugu.

Ntibiramenyekana aboba bari inyuma y’ico gitero.

Indonesia, igihugu kirimwo aba Islam benshi kurusha ibindi bihugu vyose vyo kw’isi, carigeze guterwa n’imigwi y’abagwanyi biyitirira Islam.

Mu misi iheze, bari bameze magabo kubera abagwanyi ba Islamic State.

Iki ni co gitero ca mbere gikomeye kibaye I Jakarta kuva habaye ibitero mu mahoteli ya Marriot na Ritz mu mwaka 2009.