Nta Ebola ikirangwa muri Liberia

liberia ebola
Image caption Mu gihugu ca Liberia, nta Ebola ikiharangwa

Ishami rya Onu rijejwe amagara y’abantu, OMS, ryatangaje ko ryaranduranye n’imizi ingwara ya Ebola, mu gihugu ca Liberia, kandi ko ukwandukira kw’iyo ngwara kutakihavugwa mu karere ko mu burengero bwa Afrika.

Ariko, OMS, ivuga ko akazi kakiriho, kuko ishobora gusubira kwaduka, ari na co gituma bikenewe ko mu mezi ari imbere, boguma bakurikirana uko ibintu vyifashe.

Mu kwezi kwa gatanu 2005, Liberia yaravuzwe ko ata Ebola iharangwa, ariko iyo ngwara ica iraduka ubwa kabiri, aho umuntu wa nyuma afise iyo ngwara yabonetse mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2015.

Iryo tangazo rishizwe ahagaragara inyuma y’imisi 42, umugwayi wa nyuma basanze ata mugera w’iyo ngwara agifise.

Liberia ikurikiye Guinee na Sierra Leone zamaze gutangazwa ko zitakirangwamwo uwo mugera mu mwaka uheze.

N’aho biri uko, umunyamabanga mukuru wa Onu, Ban Ki-Moo, yagabishije ko akarere ka Afrika y’uburengero gashobora gusubira gufatwa n’iyo ngwara.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ingwara ya Ebola yahitanye abantu 11,000 kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri 2013

Ingwara ya Ebola yahitanye ubuzima bw’abantu bashika 11,000 kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka 2013.