Igiciro c'igitoro camanutse cane kw'isi

petrol Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Igiciro c'igitoro camanutse gushika ku madollar 30 ku kagunguru

Igiciro c’igitoro kw’isoko mpuzamakungu kibandanya kugabanuka gushika ku giciro gito cabayeho muri iyi myaka mirongo ibiri.

Ukumanuka kw’ico giciro kw’isoko mpuzamakungu gushika ku madollars 30 ku kagunguru, bivugwa ko vyavuye ku kwongerekana kw’ububiko bwavyo mu gihugu ca Amerika.

Hari ukutaguma hamwe kw’ibiciro vy’igitoro kw’isi kuva mu 2014, aho inkurikizi ari ukwongerekana kwabimba ibitiro muri Amerika n’igabanuka ry’ababikeneye mu gihugu c’Ubushinwa.

Abahinga muvyo ubutunzi bavuga ko Ubushinwa butagikoresha ibitoro vyinshi kubera ubutunzi bw’ico gihugu bwagabanutse.