Muri Anglican ukwubakana ni hagati y'umugabo n'umugore

anglican Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Iyo nama yari yatumweko na musenyeri wa Canterburg Justin Welby

Ishengero rya Anglican kw’isi, ryavuze rishimitse ko ukwubakana ari hagati y’umugabo n’umugore, rica rinahagarika imigenderanire y’aryo n’ishengero rya Anglican ryo muri Amerika riherutse kwemera ko abasangiye igitsina bubakana.

Ico gisata ca Anglican muri America, ciyita mu congereza Episcooal Church, ntibazosubira kwemererwa kuja mu bikorwa y’iryo shengero.

Abarongoye ishengero rya Anglican kw’isi, bahuriye I Canterbury, bavuze ko baciye kubiri n’ivyo abayoboke b’idini rya Anglican bemera, kuvyerekeye ukwubukana.

Uko guhagarikwa vy’agateganyo kw’ico gisata co muri Amerika, gufise intumbero yo kwanka ko haba abiyonkora kubera ukutumvikana ku vyerekeye ukwubakana kw’abasangiye igitsina.

Uko kwubakana kw’abasangiye igitsina kwariyamirijwe caane n’ibisata vya Anglican vyo muri Afrika.

Icemezo co guhagarika igisata ca Anglican muri Amerika cafashwe mu nama bivugwa ko itari yoroshe.

Musenyeri w’ico gisata co muri Amerika, Michael Curry, yavuze koi co cemezo”kizotera ishavu ryinshi”.

Amatati yerekeye ukwubakana kw’abasangiye igitsina yatanguye inyuma y’aho Gene Robinson, yari yariyemereye ku mugaragaro ko akundana n’uwundi basangiye igitsina, agizwe musenyeri wa diyoseze ya New Hampshire mu 2003.

Iyo ngingo yazanye ukutumvikana gukomeye hagati y’abategetsi n’abayoboke ba Anglican kw’isi yose.