Umucance wa Celine Dion yitavye Imana

celine dion Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umucance wa Celine Dion, Rene Angelil yitavye Imana

Rene Angelil, umugabo w’umuririmvyi azwi cane kw’isi, Celine Dion, yitavye Imana afise imyaka 73, nk’uko bimenyeshwa n’uwo muririmvyi.

Angelil, yubakanye na Dion mu mwaka 1994, bavyarana abana batatu, ni we yaraba ibikorwa vyiwe vy’umuziki.

Yitavye imana ari muhira iwabo, Las Vegas, inyuma yo gufatwa n’ingwara ya Cancer.

Dion yahagaritse umuziki incuro zibiri kugira yiteho Angelil, inyuma y’aho basangiye arwaye cancer mu mwaka 2000.

Angelil yavukiye mu gisagara ca Montreal mu mwaka 1942.

Inyuma yo gukurikirana ibikorwa vy’umuzika vy’abaririmvyi batandukanye muri Canada, abavyeyi ba Celine Dion bamusavye ko yokurikirana ibikorwa vyiwe, igihe yari afise imyaka 12.

Mu mwaka uheze, Dion yabwiye ikinyamakuru ca USA Today, yari amaze imisi yitegurira urupfu rw’umugabo wiwe.

“ Nivyashika, bizoba bishitse,”ni ko yabwiye ico kimenyeshamakuru mu kwezi kwa cumi 2015.

“Ariko ikigoye muri vyose, ni ukubwira umugabo wanje ko tumeze neza, nzotunga kandi ndere abana bacu, azotubona ari ahandi.”

Ikimenyeshamakuru ca Montreal Gazette, rivuga ko Angelil yagurishuje inzu yiwe kugira aronke amahera yo gukora urukurikirane rw’indirimbo(album) rwa mbere rw’umupfasoni wiwe.

Dion, yakoze urukurikirane rw’indirimbo 25 kandi ni we muririmvyi wa gatanu ahembwa amahera menshi, ubutunzi bwiwe bukaba bwoba bungana na miliyoni 630 z’amadollars.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Rene Angelil na Celine Dion i Las Vegas mu mwaka 2000

Mu mwaka 1999, ururirimbo rwiwe My Heart Will Go On, rwarakoreshejwe muri film ya Titanic, rukaba rwararonse n’udushimwe tubiri twa Grammy.

Yahora aririmba kenshi na kenshi muri The Colosseum, Caesars Palace mu gisagara ca Las Vegas kuva mu 2003.

Yaratanguye kandi kuririmba abakunzi biwe mu mwaka uheze, inyuma yo kuruhuka umwaka umwe wo kwitaho umugabo wiwe Angelil, yahagaritse akazi ko gukurikirana ibikorwa vyiwe vy’umuziki mu 2014.