Inkino za Chan ziratangura ejo

rwanda chan Uwufise ububasha kw’isanamu Other
Image caption Ihiganwa rya chan rizotangura ejo mu gihugu c'Urwanda

Ihiganwa rigira kane ry’igikombe ca Chan co mu 2016, rizotangura ejo aho bukera mu gihugu c’Urwanda.

Iryo higanwa rihuza abakinyi bo mu migwi yo muri Afrika gusa, rigahuza ibihugu cumi na bitandatu bikinira ico gikombe.

Bazokinira ku bibuga bine, ari vyo Amahoro gishobora kwakira abarorerezi 30,000 kiri mu gisagara ca Kigali, ikibuga ca Huye kiri mu gisagara ca Butare gishobora kwakira abantu 20,000.

Ibindi bibuga ni Regional Nyamirambo kiri I Kigali gishobora kwakira abarorerezi 22,000 hamwe n’ikibuga Umuganda kiri mu gisagara ca Gisenyi, cakira abantu 5,000.

Urwanda ruri mu mugwi A, aho bari kumwe na Gabon, Maroc, Cote d’Ivoire, bakaba bazokinira ku bibuga Amahoro na Huye.

Mu mugwi B, harimwo RDC, Angola, Cameroun na Ethiopia na bo nyene bakazokinira ku bibua Amahoro na Huye.

Umugwi C, harimwo Tunisia, Nigeria, Niger na Guinee, bakazokinira kuri Regional Nyamirambo na Umuganda.

Muri D, harimwo Zimbabwe, Mali, Uganda na Zambia bazokinira ku Muganda na Regional.

Iryo higanwa rizorangira itariki 7 z’ukwezi kwa kabirihabaye urukino rwa nyuma ruzokinirwa ku kibuga c’umupira w’amaguru Amahoro, mu gisagara ca Kigali.