Hamenyekanye vyinshi ku gitero muri Burkina Faso

Uwufise ububasha kw’isanamu annonymous
Image caption Hotel Splendide i Ouagadougou, hamwe mu habereye igitero

Hamenyekanye ayandi makuru ku gitero c'abarwanyi ba ki Islam co kuwa gatanu kw'ihoteri n'ubunywero i Ouagadougou muri Burkina Faso.

Abantu bashika mirongo ibiri n'icenda barishwe, benshi muri bo bicirwa mu bunywero.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Burkina Faso avuga ko abamaze kumenyekana mu bapfuye, bava mu bihugu bitandukanye icenda.

Abanye Amerika, abanye Canada n'abanye Libya bari muri abo bishwe.

Yavuze ko amakuru yatangajwe y'uko babiri mu bateye bari abagore, atari ukuri, ngo kuko bose bamenyekanye ko ari abagabo.

Hagati aho, Australia ivuga ko iriko irakorana n'abajejwe intwaro muri Burkina Faso kugira barabe ko horekurwa umugabo n'umugore b'abatama, banyurujwe n'abo vyibazwa ko ari abarwanyi ba ki Islam mu buraruko bw'igihugu.