Ihiganwa CHAN 2016 ryatanguye mu Rwanda

Image caption Ibirori bibereye ijisho nivyo vyuguruye inkino za CHAN 2016 i Kigali mu Rwanda.

Kuri stade Amahoro ku murwa mukuru w'u Rwanda, Kigali, habereye ibirori vyo kwakira ihiganwa ry'umupira w'amaguru CHAN 2016.

Ikibuga c'umupira w'amaguru, Amahoro, cuzuye abaje kurorera ivyo birori, biza gukurikirwa n'umukino utanguza ihiganwa hagati y'ikipe y'u Rwanda, Amavubi na Les Elephants yo muri Cote d'Ivoire.

Abantu batanguye kwinjira ku kibuga Amahoro isaha zine zo mu gitondo, hakaba huzuye ku buryo no hanze y'ikibuga hari benshi cane batashoboye kuronka amatike.

Image caption Abantu bitavye ibi birori ari benshi cane ku buryo hari n'ababuze amatike, buzuye hanze y'ikibuga

Iri higanwa ry'igikombe ca Afrika c'abakinyi bakinira iwabo, kirimwo imigwi cumi n'indandatu ugabuye mu migwi ine.

Ni ubwa mbere mu Rwanda habera ihiganwa ry'umupira w'amaguru ryo kuri uru rwego, abakunzi b'umupira w'amaguru muri ico gihugu bakaba barindiranye inkino igishika cinshi.

Imikino izobera ku bibuga bine bitandukanye: Amahoro Stadium, Huye Stadium, Kigali Regional Stadium na Rubavu Stadium.