Papa Francis yagendeye isinagoga i Roma

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Papa Francis abaye uwa gatatu yinjiye mw'isinagoga

Umwungere wa ekleziya Gatolila, Papa Francis, yabaye umupapa agira gatatu agendeye isengero ry'Abayahudi canke isinagoga mu muji wa Roma.

Umukuru w'isinagoga y'i Roma yavuze ko urugendo rwa Papa rubonwa nk'ikimenyetso c'imyaka mirongo itanu iheze imigenderanire hagati ya Gatolika n'Abayahudi itera imbere.

Mu kwezi kw'icumi na kabiri, Vatikano yavuze ko ishengero Gatolika Romani, ridashigikiye kugerageza guhindura Abayahudi bakaba Abagatolika.

Uru rugendo rukurikiye amasezerano Vaticano yashiranyeko umukono n'abajejwe intwaro muri Palestine.

Ababikurikiranira hafi bavuga ko ayo masezerano afitiye inyungu abajejwe intwaro muri Palestine.