Uruzuba rugeramiye ubumanuko bwa Afirika

Ishami rya ONU rijejwe infungurwa PAM rimenyesha ko abantu bagera kuri miriyoni 14 bashobora guhura na kigoyi.

Abiteze kigoyi baherereye mu gice c'ubumanuko bwa Afirika hageramiwe n'uruzuba, no guhindagurika kw'ikirere.

PAM iravuga ko igihugu ca Malawi arico kibangamiwe kurusha ibindi, aho miriyoni zibiri n'igice z'abanyagihugu baho biteze gusonza.

Mu bihugu bigeramiwe kurusha ibindi, inyuma ya Malawi, hakurikira Madagasacar, hanyuma Zimbabwe.

PAM ivuga ko kubona hitezwe imvura nke cane, canke hamwe ata n'iyitezwe; bishobora gutuma ibintu vyunyuka.