Umupfasoni wa Will Smith azitaba ibirori vya Oscar?

jada pinket Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Will Smith na Jada Pinket baronka agashimwe ka Golden Globes

Jada Pinket, umupfasoni wa Will Smith yanditse ku rubuga rwa Twitter ku musi wa gatandatu, yerekana ko yababaye aho yabona ko, mubazoronka agashimwe ka Oscar, harimwo abantu b’inkoba zitandukanye bataserukiwe.

Muri ubwo butumwa bwiwe kuri twitter, Jada w’imyaka 44, yaratangaye abonye ata muntu yirabura ari ku rutonde rw’abazoronka ako gashimwe, igihe rwashirwa ahagaragara ku musi wa kane.

“Mu birori vyo gutanga agashimwe ka Oscar, abirabure barahamagarwa gutanga ubushimwe no kunezereza abatumire, ariko ntidushimirwa ku buhinga bwacu” uko ni ko Jada yavuze.

“None abirabure bikure mu birori vyo muri ako gashimwe?”, uko ni ko yibajije.

“Abantu bategerezwa kudufata uko dushaka mukutwubaha”

Mu mwaka ugira kabiri wikurikiranyanta muntu yirabura yigeze aja ku rutonde rw’abapfasoni boronka ako gashwimwe, canke icegera c’uwokaronka.

Itangazo rimenyesha abatowe ngo baronke ubushimwe, ryakurikiwe n’agashavu ku mbuga za twitter, harimwo no gukoresha #OscarSoWhite.