DR Congo ngo ntizoha umwidegenvyo Katanga

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Germain Katanga

Germain Katanga, yari yakatiwe gupfungwa imyaka 12 na sentare mpuzamakungu mpanavyaha -ICC.

Uyu munye Congo yarezwe ubwicanyi, ubusuma no guhohotera abanyagihugu bo mu karere ka Ituri muri Kivu ya ruguru mu 2003.

Ariko umushikiranganji w'ubutungane wa Congo, Alexis Thambwe, yavuze ko Katanga ariko arakorwako iperereza ku bindi vyaha.

Germain Katanga yari amaze imyaka 9 kuri 12 yakatiwe mu mwaka wa 2014, amaze guhamwa n'icaha c'ubwicanyi bwabaye mu gace ka Bogoro, bwahitanye ubuzima bw'abanyagihugu 200.

Umushikiranganji w'ubutungane wa Congo, avuga ko Katanga aharurwako n'uruhara mu bwicanyi bwahitanye abasirikare 9 baturuka muri Bangladesh bari mu nteko za ONU zijejwe kugarura umutekano muri Congo, hari mu 2005.

Germain Katanga, niwe azoba abaye umunyororo wa mbere wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha -ICC arekuwe.