Igiciro c'ibitoro cari congeye kumanuka

Uwufise ububasha kw’isanamu PA

Mu cegeranyo caryo, ishirahamwe OPEP/OPEC riteganya ko ata gihugu kizokongera kunanirwa gukomeza kwimbura igitogoro mu kiringo c'amezi 6 ari imbere, kubera igiciro caco gikomeza kumanuka.

Uyu munsi mu gatondo, igiciro c'igitoro cari camanutse kugera ku madorari 28 ku kagunguru, ariko congeye kiraduga kugera munsi gato y'ama dorari 30.

Iran yongeye umwibu w'igitoro ko utugunguru 500 000 ku munsi, inyuma yo gukurwako ibihano na leta zunze Ubumwe za Amerika mu mpera z'indwi yaraye irangiye.