Abantu batanu baraye bishwe i Bujumbura

burundi violence
Image caption Abantu batanu baraye bishwe mu gisagara ca Bujumbura

Batatu biciwe mu bunywero bwo muri zone Bwiza, komine Mukaza, abandi babiri bari banyurujwe ku musi w’Imana isaha cumi z’umugoroba.

“Abiciwe mu bwiza ni OPP1 Dusabumuremyi Anicet, batazira Maroha, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’indero Protais Ndikuriyo na Ferdinand Habonimana, umukuru w'umutumba Gatete, uri mu ntara ya Rumonge, bakaba bishwe bararashwe,” nk’uko bivugwa n’igipolisi.

Igipolisi kibandanya kivuga ko abandi babiri bari banyurujwe, batowe ibiziga muri zone Rubirizi, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura rural.

Igipolisi kivuga ko bari banyurujwe n’abantu bataramenyekana, umuduga barimwo ukaba watowe ku wa mbere hafi y’isoko ryo mu Kinama, muri komine Ntahangwa.

Nta ndwi yijana hatishwe abantu, benshi bakaba bazira amatati yo kutumvikana ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Onu ivuga ko abantu barenga amajana ane ari bob amaze kwicwa kuva mu kwezi kwa kane, abandi barenga ibihumbi amajana atatu barata izabo.