Abantu 18.000 barishwe muri Irak muri 2014

iraq violence
Image caption Abantu barenga 18.000 ni bo bishwe muri Irak muri 2014

Onu ivuga ko intambara ziri mu gihugu ca Iraq ari nyinshi, zikaba zimaze guhitana ubuzima bw’abantu 18,800 hagati y’itariki ya gatandatu ukwezi kwa mbere umwaka wa 2014 n’itariki 31 ukwezi kwa cumi mu 2015.

Abantu bashika imiliyoni 3.2 barataye izabo hagati mu gihugu muri ico kiringo nyene nk’uko biri muri ico cegeranyo gishasha.

Umunyamabanga wa Onu ajejwe agateka ka zina muntu, Zeid Raad Al Hussein, avuga koi co cegeranyo cerekana ingene impunzi zo muri Iraq baguma bahunga birukira I Buraya no mu bindi bice vy’isi.

Ico cegeranyo kirimwo ivyavuzwe n’abataye izabo hamwe n’ivyo abasinzikarijwe agateka kabo biboneye ubwabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abarwanyi ba Islamic State bafise ingwati y'abantu 3.500, benshi muri bo bakaba ari abana

Kivuga ko igitigiri c’abantu 18,802 bishwe n’abandi 36,245 bakomeretse hagati y’itariki 1 ukwezi kwa mbere umwaka 2014 n’itariki 31 umwaka 2015.

Onu iragabisha ko igitigiri gishobora kuba kirenga ngaho.