Umugabo afise imyaka myinshi kw'isi yapfuye

japan yasutaro Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umugabo afise imyaka myinshi gusumba abandi kw'isi Yasutaro Koide yitavye Imana

Umugabo Arusha imyaka abandi bose kw’isi yitavye Imana mu gihugu c’Ubuyapani afise imyaka 112.

Yasutaro Koide, wo mu gisagara ca Nagoya, yavutse itariki 13 ukwezi kwa gatatu 1903, akaba yakoze akazi ko kubarira impuzu igihe yari akiri muto.

Yashizwe ku rutonde rw’umuntu afise imyaka myinshi gusumba abandi na Guiness Book Records, mu mwaka uheze.

Yasutaro, yazize ingwara y’umutima n’umusonga ku musi wa kabiri.

Igihe yabazwa ibanga rituma aramba, igihe yari akiri muzima, bivugwa ko yahanuye abantu kutiruhisha cane ku kazi, kandi babeho binezereza.

Ntibiramenyekana uwundi mugabo asigaye afise imyaka myinshi kw’isi.

Gushika ubu, umupfasoni afise imyaka myinshi kw’isi ni Susannah Mushatt Jones, afise imyaka 116.

Yagiye muri ico kibanza mu mwaka uheze, inyuma y’urupfu rwa Misao Okawa wo mu Buyapani, yitavye Imana afise imyaka 117.

Umuntu wa mbere yamaze imwanya muremure kw’isi nk’uko bimenyeshwa na Guinness, ni umufaransa Jeanne Calment, yabayeho imyaka 122 n’imisi 164.

Yitavye Imana mu kwezi kwa cumi mu 1997