Hafashwe amahera menshi ya magendu muri Kenya

kenya money
Image caption Igipolisi ca Kenya cafashe amahera ya magendu ashika ku miliyoni 693 y'amadollards

Igipolisi co muri Kenya cafashe amahera y’amagendu ashika mu miliyoni 693 y’amadollars, inyuma yo gusaka inzu imwe iri mu gisagara ca Nairobi.

Abantu babiri, umwe ava muri Cameroun, uwundi ava muri Niger, ni baciye bahagarikwa.

Umukuru w’igipolisi ca Kenya, Joseph Boinett, ariko aravuga ivyerekeye ayo mahera, yabwiye abamenyeshamakuru ko ayo ari amahera menshi cane.

Yavuze kandi ko hafashwe imiliyoni 369 z’ama Euro, hamwe n’ibikoresho vyo gukora izo noti za magendu.

Igipolisi cagiye gusaka inyuma yo kuronka inkuru ivuye ku mudandaza yahawe amahera ya magendu agera ku miliyoni 40 ya kenya, yari yemerewe ko aca agwizwa na gatatu gushika ku miliyoni 120.

Yose na yose, ayo mahera yafatiwe mu gace ka South C, ariko aravunjishwa agera ku mashilingi imiliyaridi 110.