Ihoteli ya Ritz iriko irasha i Paris

paris ritz
Image caption Ihoteli ya Ritz aho umwamikazi Diana yaraye ubwanyuma imbere y'uko ahitanwa n'impanuka y'imodoka

Umuriro wadutse mw’igorofa yo hejuru cane mw’ihoteli nziza ya Ritz, mu gisagara ca Paris, mu gihugu c’Ubufaransa.

Nta bakomeretse baravugwa, umuvugizi w’igisata kirwanya umuriro avuga ko icihuta ari kuzibira uwo muriro ntutandukire ahandi.

Iyo hoteli yari yarayemwo umuganwakazi Diana wo mu Bwongereza, mw’ijoro rya nyuma imbere yuko agira impanuka y’imodoka, yari yugawe iriko irasubirwamwo, nta ngenzi n’imwe yari irimwo.

Umuganwakazi Diana yahora aba muri iyo hoteli igihe yitaba Imana mu 1997, ari kumwe n’umugenzi wiwe Dodi Al Fayed, umwana wa nyene iyo hoteli atunze cane wo mu Misri, Mohamed al Fayed.

Vyari bitegekanijwe ko yugurura mu mpera z’uyu mwaka, inyuma yo kugarwa imyaka itatu, kugira isubirwemwo.