Onu irasabira imfashanyo igihugu ca Somalia

somalia food Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu umuliyoni n'ibihumbi ijana barashonje muri Somalia

Onu n’amashirahamwe atanga imfashanyo bahamagariye amakungu guha imfashanyo ishika ku miliyoni 885 y’amadollars, yo gufasha abantu barenga imiliyoni zitanu bakeneye imfashanyo y’ibifungurwa muri Somalia.

Muri bo, harimwo abana barenga 310,000 bageramiwe cane n’ingwara zimirire mibi mu gihe hatoboneka imfashanyo vyihuta.

Ibikorwa vyo vyo gutanga imfashanyo vyaragize ingorane kubera ukubura amahera akwiye, umutekano hamwe na el nino, vyobonekeza mu turere dutandukanye.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abarenga 310,000 ni abana bageramiwe n'indwara z'imirire mibi

Icegera c’umunyamabanga wa Onu ajejwe imfashanyo mu gihugu ca Somalia, Peter De Clrecq, yavuze ko ako kamo ari ngirakamaro cane, kandi ko kazofasha abandi bantu bataye izabo muri Somalia bashika imiliyoni n’ibihumbi ijana.

Uturere twazahajwe cane n’inzara ni nka Baidoa, Bossaso, Gaalkayo, Kiismayo n’umugwa mukuru Mogadishu.