Uganda yanganije, Zambia iratsinda muri D

chan rwanda
Image caption Abakunzi b'ubugwi wa Uganda bari baje kuwushigikira

Umugwi wa Mali wanganije na Uganda ibitsindo2-2 mu nkino nserukirabihugu y’abakinyi bakinira mu bihugu vyabo, Zambia na yo itsinda Zimbabwe 1-0.

Urwo rukino rwabeye Rubavu.

Mu rundi rukino rwo mu mugwi D, Zambia yatsinze Zimbabwe 1-0.

Umukinyi wa Uganda, Farouk Miya, yafashije cane kugira igitsindo ca mbere kiboneke, hanyuma aca atsinda igitsindo ca kabiri.imbere y’uko ava mu kibuga bagiye mu karuhuko, kubera yababaye.

Igitsindo ca mbere ca Uganda cinjijwe na Joseph Ochaya, akoresheje umutwe, mu gice ca mbere.

Mali yagiye kunganya ku mnota wa 12, ifashijwe n’umukinyi Sekou Koita.

Imbere y’iminota ine ngo baje mu karuhuko, Miya Miya yaciye atsindira Ugandaigitsindo ca kabiri, ateye penalty, inyuma y’aho Wrisa Ssekisambu akiniwe nabi.

Umugwi wa Uganda umenyerezwa na ‘Micho’ Sredojevic, bagize ingorane igihe Miya yababara, kuko baciye binjizwa igitsindo mu gice ca kabiri.

N’umunyezamu wabo, Watenga yababaye ava mu kibuga asubirirwa na Mathias Kigonya.

Mali banganije biciye ku mukinyi Hamidou Sinayoko ahawe umupira na Mamadou Coulibaly.

Izindi nkino muri uwo mugwi zizokinwa ku wa gatandatu, Zimbabwe bakazohura na Mali, mu gihe Uganda bazoba bariko baranyinyurana na Zambia.