Umwigisha yakingiye abakristu mu gitero ca Al-Shabab yapfuye

kenya sala farah Uwufise ububasha kw’isanamu Jill Craig VOA
Image caption Sala Farah, yaranse itegeko rya Al-shabab ryabasaba kwivangura

Umwigisha wo muri Kenya, yashimagijwe cane anitwa n’intwari igihe aba Islam bakingira abakristu, mu gitero ca Al-Shabab, ku modoka yunguruza abantu mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu, yitavye Imana igihe bariko baramubaga.

Salah Farah, yari icegera c’umuyobozi kw’ishure ritoyi riri mu gisagara ca Mandera, yararashwe igihe we n’abo bari kumwe banka itegeko bari bahawe n’abarwanyi ba Islam, ryo kwivangura ngo baje mu migwi ibiri y’aba Islam n’abakristu.

Ubutwari bw’abo ba Islam banse itegeko ry’abo barwanyi ryo kubasaba kwivangura, Atari avyo bicwe, bwaramenyekanye hose, mu gihe havugwa inkuru z’ico gitero cabaye kw’itariki 21 mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ikiziga ca Farah cajanywe mu gisagara ca Mandela kugira gishingurwe.