Korea ya ruguru yatoye inzoga idatera uburuhe

north korea
Image caption Abantu bari banezerewe muri Korea ya ruguru

Abahinga bo mu gihugu ca Korea ya rugiru batoye ubwoko bw’inzoga idatuma umuntu aruha mu gihe yaborewe, mk’uko bivugwa n’ibimenyeshamakuru.

Ikinyamakuru ca Pyongyang Times co muri ico gihugu, kivuga ko iyo nzoga itazanira uburuhe uwayiborewe, igihe aba avyutse mu gitondo.

Bivugwa ko iyo nzoga bayikura mu giterwa kiri muri ico gihugu kizwi kw’izina rya Insam hamwe n’umuceri.

Ibimenyeshamakuru vyo muri Korea ya ruguru bizwi ko bitangaza inkuru z’ibintu ata kuri bifise, ku vyo ico gihugu kimaze gushikako.

Mu mwaka uheze, Korea ya ruguru yavuze ko imiti ikorwa ivuye muri ico giterwa ca Insam, ishobora kuvura ingwara, harimwo n’umugera wa sida.