20 bishwe mu gitero co kuri kaminuza muri Pakistan

pakistan bacha khan Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abataliban bamenyesheje ko ico gitero cari ico kwihora ku bitero vya gisirikare

Igitero cagizwe n’abarwanyi b’aba Taliban kuri kaminuza imwe mu buraruko bushira uburengero bwa Pakistan, cahitanye abantu bababa 20, hakomereka abandi 50.

Hafi y’isaha zitatu kuva ico gitero gitanguye, umusirikare umwe yavuze ko ukurasana kwahagaze ariko ko babandanya gusaka muri iyo kaminuza ya Bacha Khan kiri mu karere ka Charsadda.

Igisirikare kuvuga ko abateye bane bishwe, aba Taliban na bo bakavuga ko abiyahuzi bane ari bo bagize ico gitero.

Aba Taliban barishe abanyeshure 130 kw’ishure rimwe mu gisagara kiri haguya ca Peshawar mu mwaka 2014.

Umuvugizi w’abataliban yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP koi co gitero cari ico kwihora ku bitero vya gisirikare vyagizwe ku birindiro vyabo.

Mu misi iheze, amwe mu mashure yo mugisagara ca Peshawar yarugawe bivuye kun kuru zavuga ko abo barwanyi bashaka kuyatora.