Igitero muri kaminuza muri Pakistan

pakistan Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu bitwaje ibirwanisho bateye ishure kaminuza muri Pakistan

Abantu bitwaje inkoho bateye ishure kaminuza imwe iri mu karere ka Charsadda, mu buraruko bushira uburengero bwa Pakistan.

Abateye bagerageje kwinjira muri iyo kaminuza ya Bacha Khan ku nguvu, intambara hagati yabo n’abajejwe umutekano zikaba zikibandanya.

Humvikanye ibintu biturika bibiri, nk’uko umupolisi yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters.

Inkuru zivuga ko abantu babiri bakomeretse, abajejwe umutekano na bo bazungurutse iyo kaminuza.

Akarere ka Charsadda kari ku bilometero 50 uvuye mu gisagara ca Peshawar, aho abarwanyi b’aba Taliban bishe abanyeshure barenga 130 inyuma yo gutera ishure.