Ibiteramo vyo kwibuka abaguye i Bacha Khan

pakistan Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ico gitero gikoze mu nkovu abataribagira icahitanye abanyeshure 130 i Peshawar mu 2014

Habaye ibiteramo I Peshawar n’ahandi mu gihugu ca Pakistan vyo kwibuka abantu bashika 21 biciwe mu gitero co kuri kaminuza ya Bacha Khan.

Abateye bane na bo barahasize ubuzima kuri ivyo bitero vyo ku wa gatatu kuri iyo kaminuza y’I Charsadda.

Umuvugizi w’igisirikare, Lt Gen Asim Bajwa yabwiye abamenyeshamakuru ko igikorwa co kumenya abagize ico gitero kigenda neza, ariko nta mazina yavuze.

Umwe mu barongoye abarwanyi b’aba Taliban yavuze umugwi w’abagize ico gitero, ariko umuvugizi wawo yabivyiyamirije.

Uwo mugwi warishe abanyeshure 130 kw’ishure ry’I Peshawar mu 2014.