Ibihugu 27 mw'isekeza ryo kurwanya IS

france is Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Indege z'Ubufaransa ziriko ziragira ibitero muri Syria

Abashikiranganji bo kwivuna abansi b’ibihugu vya Buraya bariko barabonanira mu gisagara ca Paris, bumvikanye kwongereza inguvu mu kurwanya abarwanyi ba Islamic State mu bihugu vya Irak na Syria.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubwongereza, Michael Fallon, yavuze ko iryo sekeza rizoba ritumbereye ahanini IS mu guhanahana amakuru no gutwara ibirwanisho.

Umushikiranganii wokwivuna abansi wa Amerika, Ash Carter, yavuze ko bafise intumbero zitatu harimwo kubakura mu birindiro vyabo vya Raqqa na Mosul, kurwanya imigwi bicuditse, no gukingira abanyagihugu.

Abashikiranganji bo kwivuna abansi bo mu bihugu 27 harimwo Iraq n’ibindi bihugu bitari bike vy’abarabu, bazohurira I Paris mu kwezi kuza.