Prezida Magufuli yagenye Kikwete kurongora kaminuza

tanzania magufuli
Image caption Prezida Jakaya Kikwete yavuye kubutegetsi ahejeje gutwara ikiringo ciwe ca kabiri

Umukuru w’igihugu ca Tanzania Dr John Magufuri yagenye uwo yasubiriye mu mabanga, Dr Jakata Kikwete kurongora kaminuza ya Dar-Es-Salaam.

Itangazo rimugena ryasohowe n’umunyamabanga mukuru wiwe, Ombeni Sefue.

Iryo genwa ryatanguye kunuganugwa itariki 17 ukwezi kwa mbere.

Nicholas Kuhanga yahora arongoye iyo kaminuza mu kiringo c’imfatakibanza, nk’uko bimenyeshwa ku rubuga rwa internet rw’iyo kaminuza.