Dominic Ongwen imbere y’ubutungane I la Hague.

uganda la hague Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Dominic Ongwen muri sentare i La Hague

Umukuru mu bagwanyi ba LRA , Dominic Ongwen, ari imbere y’ubutungane I la Hague.

Mu rurimi rwa Achpoli yavuze ko “ari uguta umwanya” ngo kuko ibintu vyinshi yibaza ko bitajanye n’ukuri.

Yavuze ko yasomye kandi ategera ivyo yagirizwa.

Yagirizwa harimwo ubwicanyi, kugira abantu abaja, ibikorwa vy’ubunyamaswa vyo kumugaza abantu no kubabaza cane.

Dominic Ongwen yishikanye mu minwe y'ingabo za Amerika zari zifise ikikorwa co guhiga abarwanyi ba LRA mu ntango z'umwaka uheze.

Image caption Umukuru wa LRA, Joseph Kony aronderwa na ICC

Umugwi wa LRA urongowe na Joseph Kony, na we akironderwa na sentare mpanavyaha y'i La Hague, umaze imyaka irenga 30 urwana, Domic Ongwen akaba yari yawugiyemwo afise imyaka 10.

Abarwanyi b'uwo mugwi bagirizwa amabi menshi, harimwo kunyuruza abapfasoni ko gukoresha abana mu ntambara.