Ibiganiro vy'abarundi mu gisagara ca Bujumbura

burundi dialogue
Image caption Musenyeri Justin nzoyisaba arongoye umugwi ujejwe gutegura ibiganiro bihuza abarundi CNDI

Inyuma y’intara za Kirundo na Gitega, ibiganiro bihuza abarundi biriko birabera mu gisagara ca Bujumbura, mu ntara ya Kayanza na Rutana.

Musenyeri Justin Nzoyisaba arongoye umurwi w igihugu ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y'abarundi CNDI, amenyesha ko bagerageje gutumira abarundi bava mu mice itandukanye baba mu gisagara.

Iyo migwi igizwe n’abanyepolitike, abaserukira amadini, abakenyezi, abashingamateka, urwaruka, inkehwa (minorite) n’amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike.

Asaba abitavye ibiganiro kugira ico bashikirije kandi batarya umunwa ku kungene intwaro rusangi yotsimbatara mu Burundi kugira ntihazosubire kwibonekeza indyane zama ziba misi yose inyuma y'amatora.

Musenyeri Justin Nzoyisaba arongoye CNDI yabahaye ikibazo kimwe bose bishurako :”Tanga umuti ubona ko ukwiye kugira habe intwaro bose biyumvamwo.”

Image caption Ivyo biganiro vyatumiwemwo abarundi bo mu mice yose.

Uwa mbere afashe ijambo n umukenyezi aturuka mw ishirahamwe ryigenga Onelope ati" umuti urama ni uko tubanza tukemera ibitera ingorana tukavugana ukuri.

Tukemera ibivuye mu matora kandi amakungu ntiyivange mu bibazo vy'abarundi kiretse gusa babisabwe"

Uwundi ati" ingorane n'abashaka ubutunzi bw'uburundi. Reta nifate ubwo butunzi cane cane ubutare dufise, ikabukoresha mu guteza imbere abarundi".

Hari n’uwavuze ko vyoba vyiza ibirongo umukuru w’igihugu amara ku butegetsi vyovanwaho.

Ivyo biganiro vyariyamirijwe n’abatavuga rumwe na reta, bavuga ko batazovyitaba.