Mariah Carey yaronse umukunzi

carey parker Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Carey yari yitavye ibirori vyo kugurura inzu bakiniramwo akamari(casino) ya Paker i Macau mu mwaka uheze

Umuririmvyi rurangiranwa w’umuziki wa Pop, Mariah Carey, yaronse umukunzi.

BBC yamenye ko uwo muririmvyi wo muri Amerika akundana n’umutunzi w’umunye Australia James Parker.

Kwari babiri berekanye ku mugaragaro ko bakundana mu kwezi kwa gatandatu, mu mwaka uheze, inyuma yo kuja mu karuhuko bari kumwe mu gihugu c’Ubutaliano.

Parker afise imyaka 47, agira uwo umunani mu butunzi mu gihugu ca Australia, nk’uko bivugwa na Forbes.

Ubutunzi bwiwe bwoba burenga imiliyaridi 4.7 z’amadollars.

Mariah Carey w’imyaka 45, yaririmvye urukirikirane rw’umuziki rwa mbere mu 1990, akaba ari umwe mu baririmvyi bamenyekanye cane kw’isi.

Parker akora urudazwa mu bimenyeshamakuru muri Australia, yarazwe na se wiwe Kerry Packer, ubu na ho akaba inzu bakiniramwo akamari(casino).

Yavanye n’umugore wiwe wa lkaabiri, yagira imideli akanaririmba, Erica Baxter, mu mwaka 2013.

Carey yamenyesheje ko yavanye n’umugabo wiwe, umumenyeshamakuru yategura ikiganiro ca “America’s Got Talent”, Nick Cannon, mu mwaka 2014.