Umunyamerika yahagaritswe muri Korea ya ruguru

north korea vs america Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imigenderanire hagati ya Korea ya ruguru n'ibihugu vya Buraya igenda imera nabi

Korea ya Ruguru ivuga ko yafshe umunyeshure ava muri Amerika imwagiriza gukora ibikorwa vyo gucokza ico gihugu.

Ikigo co kumenyesha amakuru ca reta KCNA cavuze ko reta ya Amerika izi neza uwo munyeshure yiga kuri kaminuza ya Virginia.

Uwo munyeshure izina ryiwe ritaramenyekana, bivugwa ko yinjiye muri Korea ya Ruguru nk’ingenzi, bikavugwa ko yashaka kubangamira u bumwe bw’ico gihugu.

KCNA nta kindi barabivugako kirenze ico, ariko uwo munyeshure arabandanya kugirwako amatohoza.

Umukozi w’ibiro nserukiragihugu vyo mu gihugu kibanyi ca Korea y’Ubumanuko yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya reuters ko ata nkuru bararonka zerekeye uwo munyeshure.

Bikaramuka vyemejwe, uwo munyeshure azoba abaye uwa umuntu agira gatatu wo mu bihugu vya Buraya afatiwe muri ico gihugu.

Umunyedini wo muri Canada n’uwundi mugabo afise utubira tubiri,Korea na Amerika, barafashwe n’abategetsi b’ico gihugu.