Abantu 20 biciwe mw'ihoteli muri Somalia

somalia hotel
Image caption Abantu 20 bishwe abandi 20 barakomerekera mu bitero vya Al-Shabab ku mahoteli abiri i Mogadisu

Umushikiranganji w’umutekano mu gihugu yavuze ko abantu 20bitavye imana inyuma y’aho amahoteli abiri aterewe mu gisagara ca Mogadishu.

Abdirisak Omar Mohamed yabwiye igisata ca BBC c’igisomali, ko abandi 20 bakomeretse inyuma y’ibitero ku mahoteli ya Lido Sea Food na Beach View.

Umugwi w’abarwanyi biyitirira idini rya kiislam, al-Shabab, wavuze ko ari wo wakoze ivyo bitero.

Amabombe yatezwe mu modoka yaturitse imbere y’uko abo barwanyi binjira muri ayo mahoteli no gutangura kurasa abantu.

Abo barwanyi baciye bagira ingwati abari baraye muri izo hoteli n’abakozi baho, mu kiringo c’amasaha ane.

Abategetsi ba Somalia, bavuze ko ubu abajejwe umutekano bashoboye kwigarurira izo hoteli, kandi ko n’umwe mu bateguye ico gitero yafashwe.

Umushikiranganji wa mbere wa Somalia, Omar Abdirashid Ali Sharmarke, yiyamirije ivyo bitero, avuga ko biteye isoni.