Canada: Bane biciwe mu gitero ku ishuri

Uwufise ububasha kw’isanamu La Loche Community School
Image caption Ishuri rya La Loche Community ahagabwe igitero

Abantu bane bishwe abandi benshi barakomerekera mu bitero mu ntara ya ya Saskatchewan, mu burengerazuba bwa Canada.

Polisi iravuga ko ukekwa kurasa ari mu buroko kandi ko abana bajyanywe ahantu hatekanye nyuma y’irasa ku ishuri La Loche Community n’ahandi hantu. Minisitiri w’Intebe wa Canada, Justin Trudeau, yari yavuze ko abantu batanu bishwe ariko ibi byaje gukosorwa.

Bwana Trudeau yavuze ko irasa ari “akaga kuri buri mubyeyi”.

Bwana Trudeau wavugiraga I Davos mu Busuwisi, yanashimye abatabazi b’ibanze bahagaritse igitero “bakoze bwangu kandi n’umurava”