Babiri baguye mu ntambara muri komine Mugamba

burundi army Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Intambara yatanguye isaha icenda n'igice z'ijoro ihagarara imbere y'umutaga

Abategetsi ba komine Mugamba bavuga ko abagwanyi babiri b’umugwi utaramenyekana baraye biciwe mu ntambara yabahuje n’abajejwe umutekano.

Iyo ntambara yatanguye isaha 9 n’igice z’ijoro, iza guhagarara imbere y’isaha zitandatu.

Nta n’umwe ariyitirira uwo mugwi.

Uworongoye komine Mugamba, Anicet Niyonzima aremeza izo nkuru, avuga ko abajejwe umutekano baronse inkuru ko hari umugwi witwaje ibirwanisho winyegeje mw’ishamba, baca baja kuraba, ari na ho bakozanyako.

Yavuze ko abajejwe umutekano bafashe ibifungurwa vyabo, n’ivyo bakoresha mu guteka.

Si ubwa mbere havugwa abitwaje ibirwanisho muri ako gace kari ku birometero 60 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Komine Mugamba n’imwe mu makomine yabereyemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza hagati mu gihugu.

Imigwi ibiri, FOREBU na RED Tabara, yaheruka kumenyesha ko igiye kurwanya reta ikoresheje ibirwanisho.