CAR:amatora y'abashingamateka yasheshwe

Uwufise ububasha kw’isanamu

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro muri CAR ivuga ko ayo matora yagiyemwo utunenge twinshi cane.

Sentare kandi yemeje ko abahoze ari abashikiranganji ba mbere, Anicet Dologuele na Faustin Touadera, ari bo bazohiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu ku ncuro ya kabiri, azoba mu ndwi iza.

Ubwa mbere hari hitoje abantu 30 mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Abantu baharurwa mu bihumbi barishwe muri iyi myaka itatu iheze, mu ntambara imaze igihe aho muri Santarafirika.