Abantu 50 bahitanywe n'imbeho mu buseruko bwa Asia

taiwan cold Uwufise ububasha kw’isanamu Xinhua
Image caption Ingenzi ziri mu karere ka Taipei

Abantu barenga 50 bitavye Imana muri Taiwan bazize imbeho nyinshi iriko irabica bigacika muri Asia yo mu buseruko.

Ingenzi zirenga 60,000 aheze muri Korea y’epfo kubera iyo mbeho.

Ibimenyeshamakuru vyo muri Taiwan bivuga ko abo bantu bazize ukumanuka caane kw’igipimo c’ubushuhe, abandi bazira ingwara y’umutima.

Ivyo bikaba vyashitse aho ubushuhe bugabanukiye cane mu mpera z’iyinga.

Ivyo kandi vyatumye ikibuga c’indege co mw’izinga rya Jeju, muri Korea y’epfo, kicako ingenzi nyinshi gifungwa.

Ingendo z’indege zaagaritswe.

Iyo mbeho yabangamiye cane ibihugu vya Hong Kong, Ubushinwa n’Ubuyapani.

Ababangamiwe cane muri Taiwan ni abageze mu za bukuru baba mu buraruko nk’I Taipei, Kaohsiung na Taoyuan.

Henshi mu gihugu ca Taiwan, igipimo c’ubushuhe c’amanutse gushika kuri 4C, kuri uyu w’Imana.

Muri Hong Kong, ibintu vyari vyifashe nabi cane gose, hamwe hamwe hakaba hari 3C, kikaba ari igipimo ca mbere kibonetse kiri hasi mu myaka 60 iheze.