Abantu 222 ni bo bamaze kwicwa na Cholera muri Tanzania

tanzania cholera Uwufise ububasha kw’isanamu SPL
Image caption Umugera utera ingwara ya cholera

Ishami rya Onu rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, rivuga ko ingwara ya Cholera muri Tanzania yahitanye abantu 222 mu mezi atandatu.

Abantu 14,003 barafashwe n’iyo ngwara.

Mu ntango z’ukwezi kwa mbere, Tanzania ni kimwe mu bihugu 11 vyahawe urucanco rw’iyo ngwara na OMS.

Kuva mu kwezi kw’umunani, cholera yaravuzwe mu ntara 27 muri ico gihugu.

N’aho Tanzania yaronse urucanco rwa OMS, mu ntango y’umwaka uheze, abakozi muvyo amagara y’abantu bavuga ko urwo rucanco rudakwiye.

Uretse ivyo, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Tanzania, buvuga ko abahinga mu vyo kuvura iyo ngwara baratumwe muri ako karere vyihuta, kandi ko yagabanije umurindi wo gukwirakwira hose.