Ingingo zikomeye za Danemarike ku mpunzi

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ingingo zafashwe ntizorohereza impunzi muri Danemarike

Inama nshingamateka ya Denmark yatoye itegeko ridashimwa na bose rifise intumbero yo guca intege abashaka kuja kwaka ubuhungiro.

Ingingo ziri muri iryo tegeko zirimwo kwaka impunzi ivyo zifise vy'agaciro, hamwe no kuzirindiriza igihe kirekire imbere y'uko imiryango yazo izisanga muri Danemarike.

Abarondera ubuhunzi bazokwemererwa gusigarana ivyabo bifise agaciro katari hejuru y'amafaranga 1500 y'ama dorari.

Ariko ngo utwabo tubafashe ku mutima nk'impeta z'ubukwe, bazoturekeranwa, n'ubwo ico giciro coba kirenze.

Izo ngingo zatowe n'abashingamateka benshi, Danemarike ikavuga ko ziri mu murongo w'imibereho myiza y'abanyagihugu bayo.