Prezida Putin aragirizwa kurya igiturire

putin
Image caption Vladimir Putin, prezida w'Uburusiya

Ubushikiranganji bw’ikigega ca reta bwa Amerika bwabwiye BBC ko umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin arya igiturire.

Reta ya Amerika yaramaze gufatira igihano abegereye prezida Putin, bukaba ari ubwa mbere bagirije uwo mu prezida ko afise uruhara muri uko kurya igiturire.

Umuvugizi wa prezida Putin yabwiye BBC ko ata kibazo kuko bisa n’ivyo bikuriye mu mutwe.

Ivyo bivuzwe inyuma y’imisi mike akanama kajejwe kugira amatohoza k’Ubwongereza, kariko karagira amatohoza ku rupfu rw’uwahoze akorera iperereza mu Burusiya, Alexander Litvinenko, kagirije Putin ko yoba yaratanze uruhusha rwo kumwica.

Litvinenko, yahoze akora akazi mu bushikiranganji bw’umutekano bw’Uburusiya, yishwe ahawe uburozi bwa Polonium I Londres mu 2006.

Adam Szubin ahagarariye abafashe ivyo bihano yavugiye mu kiganiro Panorama ca BBC, ko prezida w’Uburusiya arya igiturire kandi ko reta ya Amerika ibizi haheze imyaka myinshi.

“Twarabonye afasha abagenzi biwe n’abandi bantu bamwegereye, mu gihe akandamiza abataco basana mu gukoresha ubutunzi bw’igihugu nk’amasezerano bagiriranira na reta, atanga amategeko kugira afashe abantu abona ko bazogira ico bamumariye, no kwigiza kure abataco bazomumarira. Kuri jewe, ivyo ndabibona nk’igiturire.”

Abandi bategetsi ba Amerika banse kugira ico bavuze kuvyerekeye ubutunzi bivugwa ko Putin yoba afise, Szubin ni we wenyene yemeye kuja muri ayo matohoza yagizwe na n’ikiganiro Panorama, ariko yaranse kugira ico avuze ku giti ciwe kuvyerekeye icegeranyo co mw’ibanga ca CIA, casohotse mu 2007, kivuga ko Putin afise ubutunzi bushika ku miriyaridi 40 z’amadollars ya Amerika.

Mu mwaka 2008, Putin ubwiwe yabwiye ibimenyeshamakuru ko inkuru zivuga ko afise ubutunzi bwinshi cane, ko ataho zishingiye. Kuvyerekeye kurya igiturire, Putin yaranse kugira ico ashikirije muri ico kiganiro ca Panorama.