Abanya Uganda bagomye muri Arabia Saudite

Image caption Uganda yahambije Ethiopia, Philippines na Indonesia mu kubuza abayo kuja gupagasa muri Arabia Saudite

Leta ya Uganda ivuga ko abanyagihugu bayo b'abagore babonetse mu kibanza gicumbikiwemwo abakozi b'abimukira i Riyadh ku murwa mukuru wa Arabia Saudite.

Mu ndwi iheze Uganda yabujije abanyagihugu bayo kuja kurondera ubuzi bw'ibikorwa vyo mu ngo muri Arabie Saudite, inyuma y'amakuru yavuga ko abagiyeyo bahohoterwa n'ababakoresha.

Uwuserukira Uganda muri Arabie Saudite, Sheikh Rashid Yahya Ssemuddu, yatangaje ko benshi mu bagore n'abakobwa bakurwa muri Uganda bemerewe ibitangaza, bagasanga barahenzwe.

Ibihugu vya Indoneziya, Etiyopiya na Philippine biramaze kubuza abanyagihugu bavyo kuja muri Arabie Saudite, gushika uburenganzira bw'abakozi bwubahirijwe.