Abapolisi batandatu birukanywe i Ohio

cleveland ohio Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Imodoka ishaje yadutsemwo umuriro ni yo yatumye haba uko kurasana

Igipilisi mu gisagara ca Cleveland, Ohio, yakuye mu kazi abashika batandatu barashe abantu barenga 100, bari mu modoka, bicamwo abirabure babiri bari bimirije kurushinga mu mwaka 2012.

Abirukanywe ni Michael Brelo, yakuweko icaha co kwica atabishaka mu mwaka uheze.

Abandi bapolisi batandatu bazohagarikwa hagati y’imisi 21 na 30.

Uko kurasana kwakurikiye umusako wagizwe n’abapolisi barenga ijana bari mu mamodoka 62.

Steve Loomis, arongoye ishirahamwe rinini ry’abapolisi muri ico gisagara, yavuze batazemera iryo yirukanwa.

ivyo vyatanguye igihe imodoka ishaje yaka umuriro bikaboneka ko umenga hari uwuriko ararasa.

Vyatumye uwitwa Timothy Russell yitaba Imana arashwe amasase 24 na Malissa Williams yarashwe amasase 23.

Abapolisi benshi bararashe ariko Brelo ni we yitwariwe.