Chelsea na West Brom baciwe amande

chelsea vs west brom Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umumenyereza mfatakibanza wa Chelsea yaranebaguye umuhagarikizi w'urwo rukino

Umugwi wa Chelsea na West Brom batangishijwe ihadabu kubera kwitwara nabi mu kibuga mu rukino rwabahuje rwabayemwo impair nyinshi mu kwezi guheze.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bwongereza, FA, ryabaciye ihadabu umugwi wa Chelsea y’ama pounds 65,000.

Na yo umugwi wa West Brom bawuciye paounds 35, 000.

Umukinyi w’imbere wa Chelsea akunda gutera akajagari, Diego Costa, ari mu bagize uruhara runini muri uko guhangana.

Uwo munya Espagne yarahanganye bikomeye n’umukinyi wo hagati wa Wst Brom, Claudio Yacob, akubiswe hasi.

West Brom, barakinye bivuye inyuma muri urwo rukino rwarangiye banganya.

Mu nkuru zahawe abamenyeshamakuru, FA bavuga ko iyo migwi ibiri yananiwe yananiwe kubabuza kugumuka.

Yacob yari yamaze guhabwa ikarata y’umuhondo, kubera gukubita hasi Costa, yaciye avanwa mu kibuga n’umumenyereza Tony Pulis.

Imisi mike inyuma y’aho, umumenyereza mfatakibanza wa Chelsea, Guus Hiddnk, yavuze ko atanezerejwe n’ingene umuhagariki Anthony Taylor yavyifashemwo, avuga ko yategerezwa guha ikarata itukura Yacob.