Fox News iranebagura inyifato ya Trump

donald trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Trump asaba ko Megyn Kelly ategura ico kiganiro co guharira yobanza kwirukanwa

Television yo muri Amerika Fox News, yidogeye uwushaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku ruhande rw’aba republicains, Donald Trump, inyuma y’aho yankiye kuzitaba ikiganiro co guharira n’abo bahanganye muri uwo mugambwe, cari categuwe n’iyo television.

Fox news yagirije Trump kwifatira mu gahanga uwutegura ico kiganiro, Megyn Kelly, kandi ko n’uwuhagarariye ibikorwa vyo kwiyamamaza vya Trump yagumye atera ubwoba umupfasoni Kelly.

Donald Trump yasavye ko umupfasoni Kelly akurwa mu mabanga yo guhagararira ico kiganiro, avuga ko amubonera, inyuma y’aho bishuraniye bashavuye mu kiganiro co mu kwezi k’umunani, mu mwaka uheze.