Abaprezida batatu barasezera ku basirikare ba Kenya.

kenya soldiers
Image caption Ukwibuka abasirikare ba kenya bishwe na Al-Shabab mu gihugu ca Somalia

N’imiburiburi abakuru b’ibihugu batatu baritezwe kwitaba ibirori vyo gusabira abasirikare ba Kenya bishwe n’abarwanyi ba Al-Shabab muri Somalia, biza kubera mu gisagara ca Eldoret mu gihugu ca Kenya.

Prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari n’uwa Somalia Hassan Sheikh Mohamoud baraza kwifatanya na prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta mu birori vyo kwibuka mw’ikambi iri mu micungararo y’igisagara ca Eldoret, aho benshi muri abo basirikare baturuka.

Ingingo ya Buhari na Mohamoud yo kwitaba ivyo birori, ibinwa nk’ikimenyetso co gufata mu mugongo Kenya, mu gihe ubu isa n’iyisugerejwe cane n’abo bagwanyi.

Al-Shabab ivuga ko yishe abasirikare ba Kenya boba bashika 100 mu gitero co kw’itariki 15 mw’ikambi ya gisirikare ya El-Ade, iri mu bumanuko bushira uburengero bw’intara ya Gedo.

Igisirikare ca Kenya caranse kuvuga abahaguye uko bangana.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kenya yaranse kuvuga igitigiri c'abasirikare bahaguye

Mu gihe ico gitigiri ca Al-Shabab coba ari co, coba kibaye igitero ca mbere ku basirikare ba Kenya gihitanye abantu benshi kuva bagiye mu gihugu ca Somalia mu 2011.

Kenya ifise abasirikare bashika 4,000 mu 22,000 b’ubumwe bwa Afrika bagiye gutuza abo bagwanyi.