Al-Shabab yigaruriye igisagara ca El-Adde

al shabab Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba kenya bahanganye n'umugwi wa Al-Shabab kuva mu 2011

Abagwanyi ba al-Shabab binjiye baranigarurira igisagara abasirikare ba Kenya bavuyemwo ejo muri Somalia.

Ababa ngaho babwiye BBC ko abarwanyi b’uwo mugwi wiyitirira Islam binjiye mu gisagara ca Al-Adde, Hosingoh na Badhaadhe.

Mu gisagara ca Hosingoh, bivugwa ko abagwanyi amajana n’amajana binjiye barashikiriza ijambo abahaba, hanyuma baca batora uwuzorongora ako karere.

Abasirikare ba Kenya bavuye muri ivyo bisagara inyuma y’imisi mike ikambi ya El-Adde itewe.

Uwo mugwi wavuze ko wishe abasirikare 100, ariko iyo nkuru yamiriwe kure na reta ya Kenya.

Ariko reta ya Kenya ntirashira ku mugaragaro igitigiri c’abahasize ubuzima canke abakomeretse, muri ico gitero co kw’itariki 15 ukwezi kwa mbere.

Avuga kubijanye n’ivanwa ry’abasirikare ba Kenya muri utwo turere turi mu bumanuko bwa Somalia, umuvugizi w’igisirikare ca Kenya, Col David Obonyo, yavuze ko ari ibintu bisanzwe.

Col Obonyo yavuze ko ivanwayo ry’abo basirikare ari imwe mu migambi ya gisirikare, ko rero bitofatwa nko kuvayo burundu muri ako karere.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Reta ya Kenya ntiramenyesha igitigiri c'abasirikare baguye i El-Adde

Prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, uyu musi arifatanya na prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari hamwe n’uwa Somalia Hassan Sheikh Mohamoud mu masengesho yo kwibuka abo basirikare bishwe.

Ayo masengesho abera mu gisagara ca Eldoret, mu burengero bwa Kenya.

Kenya ifise abasirikare 4,000 mu gihugu ca Somalia bari mu basirikare b’Ubumwe bwa Afrika bagiye kugarukana amahoro muri ico gihugu.