Obama arasaba ko hafatwa ingingo kuri Zika

president Obama Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Prezida Barack Obama asaba abanyamerika kumenya umugera wa Zika n'ingene boyikingira

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yasavye ko hofatwa ingingo zihuta mu kugerageza urucanco no guhiga umuti w’umugera wa Zika.

Uwo mugera uterwa n’imibu ukaba utuma haba agahaze ku muntu, aho abana baca bavuka bafise imitwe mito.

Prezida Obama yararonse inkuru z’iyaduka ry’ingwara ya Zika, kandi hari ubwoba ko ishobora gushika no muri Amerika mu gihe c’ubushuhe.

Image caption Umugera wa Zika uterwa n'imibu, ugatuma abana bavuka bafise imitwe mito

Yasavye abanyamerika bose ko bomenya uko iyo ngwara yandukira n’ingene boyikingira.

Ku musi wa kabiri w’iyi ndwi, umuntu umwe wo mu ntara ya Virgiania basanze afise uwo mugera inyuma yo gutemberera ibihugu bimaze kwadukamwo iyo ngwara.