Umushikiranganji yatanze imihoho mu Buyapani

japan amari akira Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umushikiranganji w'ikigega ca reta mu Buyapani Akira Amari, yatanze imihoho

Umushikiranganji w’ikigega ca reta W’Ubuyapani, Akira Amari, yavuze ko atanze imihoho kubera kwagirizwa igiturire.

Amari, yasohoye iryo tangazo ata n’umwe avyiteze, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane.

Yahakanye kwakira igiturire c’ishirahamwe rimwe ry’ubwubatsi nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru kimwe ngaho mu Buyapani.

Iyo ngingo ifatwa nk’incamugongo ku mushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Shinzo Abe.

Vyari vyitezwe ko Amari aja mu rugendo I New Zealand, mu ndwi iza, gushira umukono ku masezerano yo gufashanya n’ibihugu vyegeye inyanja ya Pacific.