Gbagbo arahakana ivyaha yagirizwa

gbagbo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Laurent Gbagbo yinjiye muri sentare

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Cote d’Ivoire, Laurent Gbagbo, n’uwahoze arongoye urwaruka rw’umugambwe wari ku butegetsi, Charles Ble Goude bashikanywe imbere ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu iri I La Hague mu gihugu c’Ubuholande.

Bagirizwa kugira uruhara mu midurumbanyo yakurikiye amatora yo mu 2011.

Gbagbo yahakanye ivyaha yagirizwa bine yoba yarakoreye abantu, bahejeje kubimusomera.

Gbabgbo na mugenzi we yahoze arongoye urwaruka rumushigikiye, Ble Goude, bose ko ari babiri, bahakanye ivyo bagirizwa vyo gutegura”umugambi bahuriyeko”, watumye haba ubwicanyi, ugufata ku nguvu, gucurwa bufuni na buhoro kw’abanyagihugu hamwe n’ubundi bunyamaswa”, nk’uko bimenyeshwa n’umumenyeshamakuru wa BBC ari I La Hague, Anna Holligan.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abashigikiye Laurent Gbagbo bahanganye n'igipolisi hanze ya sentare

Kare habanje kuba akaguma inyuma y’aho abashigikiye prezida Gbagbo 50, bariko bariruka bashira n’amabendera hejuru, bahangana n’abajejwe umutekano hanze y’iyo sentare.

Urwo rubanza rwari rurindiriwe hafi imyaka ine.

Mu misi iheze, Prezida Gbagbo yari yasavye ko yoza araburana yidegemvya kubera amagara amukitse, ico ciyumviro kikaba kitahawe agaciro na sentare mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze.

Bose ko ari bane bagirizwa ivyaha bine harimwo ukwica, gufata ku nguvu, gufata abantu bunyamaswa no gusinzikaza ikiremwa muntu, ivyo bose bahakana.

Iyo sentare ya ICC irindiriye ahanini ivyemeza bizotangwa n’abakorewe icaha n’abo bagabo babiri igihe bari bakiri ku butegetsi, kandi vyitezwe ko uwubaburanira ashika muri sentare kumviriza ingingo iza gufatwa n’iyo sentare mu gisagara ca Hague.

Vyitezwe, umushikirizamanza mukuru wa sentare mpanavyaha mpuzamakungu, ICC, Fatou Bensouda, aza kwerekana ivyemeza ko ubwicanyi bwo mu 2011, bwavuye ko Laurent Gbagbo yanse kwemera intsinzi y’uwo bahiganwe, Alassane Ouattara, vyari ibintu vyateguwe, bishigikirwa n’abasirikare biwe, kugira bamufashe kuguma ku butegetsi.

Amezi atanu inyuma y’ayo matora, intambara yaradutse, abantu bashika 3,000 barabura ubuzima.

Ariko uwo yahoze arongoye Cote d’Ivoire, Laurent Gbagbo avuga ko yakuwe ku butegetsi n’amakungu, atewe n’igihugu c’Ubufaransa , bituma afatwa mu kwezi kwa kane mu 2011.

Uru rubanza rushobora kuba ikintu gikomeye kuri kazoza ka ICC, yagumye irwanya muri iyi myaka, na cane cane abakuru b’ibihugu vya Afrika , bavuga koi fata gusa abirabure.

Mu kwezi kwa 12 mu mwaka 2015, vyabaye ngombwa ko ifuta urubanza rwa prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, kubera ukubura ivyagiriji bikwiye. Kuva ico gihe, icizere c’iyo sentare kiri hasi cane.

Prezida Gbagbo ni we mukuru w’igihugu wa mbere aburanishirijwe muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu, ICC.