Trump yabaye akamenyo kuri bagenzi we bahanganye

burundi violence Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Trump yaranse kwitaba ikiganiro camuhuza na bagenzi we kuri Fox News

Abashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’abarepublicans mu gihugu ca Amerika baneguye Donald Trump inyuma yahoo yankiye kwitaba ikiganiro cari kuahuza kuri television mu ntara ya Iowa.

Yafashe ingingo yo kutitaba ico kiganiro ca Fox News, inyuma y’aho iryo shirahamwe ryankiye gukura uwuhagarariye ico kiganiro, Megyn Kelly, Trump yagiriza ko afise aho yegamiye.

Uwo mudandaza atunze cane, ahisemwo gutunganya inama yo gutoza amahera y gufasha abasirikare ba Amerika bagiye mu za bukuru.

Abanyagihugu bo mu ntara ya Iowa bazotora ku musi wa gatatu uwuzobaserukira muri ayo matora mu migambwe yose.

Ariko kuba Trump ataje muri ico kiganiro mu gisagara ca Des Moines, abahanganye na we indwi berekanye ko ata co bibabwiye.

Umukenguzamateka wa Texas, Ted Cruz, yabigarutseko yitwengera mu ntango, atuma n’abandi bamunegura.

“Jewe ndi umuzimu kandi umuntu wese ngaha ni ikijuju, avyibushe kandi adakundwa n’abantu, wewe Ben(Carson), uri umuganga mubi wo kubaga,” uko ni ko yavuze, ariko agerageza kumwigana Trump, Atari ho yari ari.

Umukuru w’intara ya Florida, Jeb Bush yamucokoje uwo mugwizatunga wo mu ntara ya New York, yahora amubwira iryo yishakiye mu biganira nk’ivyo.