Ibinogo bitanu vyoba bihambwemwo abantu mu Burundi

burundi violence Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abantu benshi barishwe inyuma y'ibitero ku makambi ya gisirikare mu gisagara ca Bujumbura ku wa 11 ukwezi kwa 12

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, rivuga ko ryabonye amasanamu y’ibigendajuru (Satellite), zerekana ko abantu benshi mu Burundi bishwe hanyuma bahambwa hamwe.

Amnesty ivuga ko ahagaragara ayo masanamu yerekana ibinogo vyahambwemwo abantu benshi hashika hatanu mu karere ka Buringa hirya gato y’igisagara ca Bujumbura.

Iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ryongerako ko, amatohoza yabo ahanitse ahura n’ivyo bari babwiwe n’aba bibonye ko hari ibinogo bindi bihambwemwo abantu benshi bishwe ku kw’igenekerezo rya 11 ukwezi kwa 12, umusi hicwa igitigiri kinini c’abantu mu gisagara ca Bujumbura.

Amatati yo mu Burundi yatanguye mu kwezi kwa kane k’umwaka uheze, aho prezida Pierre Nkurunziza yatangaza gusubira kwitoza muri ico kibanza ubugira gatatu, aca atorerwa ayo mabanga mu kwezi kw’indwi umwaka uheze.